Inama nshikiranganji yo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 ruhenshi 2022 muvyo yize harimwo integuro y’ibwirizwa ryo kugabanya intara zikava kuri cumi n’umunani zikaba 5 amakomine nayo akava kuri 119 akaba 42 nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa reta Prosper Ntahogwamiye mw’itangazo yasohoye.
Intara ya mbere Bujumbura
Ikaba zoba igizwe n’amakomine 11
- Bubanza
- Bukinanyana
- Cibitoke
- Mpanda
- Mubimbi
- Muha
- Muhuta
- Mukaza
- Mugina
- Mugongomanga
- Ntahangwa
Umurwa mukuru ukazoba i Bujumbura
Intara ya kabiri ikaba ari Buhumuza
Ikaba ifise amakomine 8
- Butaganzwa
- Butihinda
- Cankuzo
- Gisagara
- Gisuru
- Muyinga
- Ruyigi
Umurwa mukuru w’intara ukazoba mu Cankuzo
Intara ya gatatu ikaba ari Gitega
Ikaba ifise amakomine 9
- Bugendana
- Gishubi
- Gitega
- Karusi
- Kiganda
- Muramvya
- Mwaro
- Nyabihanga
- Shombo
Umurwa mukuru w’intara ukazoba I Gitega
Intara igira kane ikaba ari Burunga
Ikaba ifise amakomine 6
- Bururi
- Makamba
- Matana
- Mpinga Kayove
- Rutana
- Rumonge
Umurwa mukuru w’intara ukazoba Makamba
Intara ya gatanu ikaba ari Butanyerera
Ikaba igizwe n’amakomine 8
- Busoni
- Matongo
- Kayanza
- Kiremba
- Kirundo
- Muhanga
- Mwumba
- Tangara
Umurwa mukuru ukazoba Ngozi
Amazone yavuye kuri 399 aja kuri 477
Imitumba iva kuri 2910 ija kuri 3037
Iryo tangazo ryasomwe na Prosper Ntahogwamiye rivugako ivyo vyakozwe muntumbero yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, gukurikiza ibwirizwa nshingiro mukugabura uturere, guteza imbere igihugu n’ibindi n’ibindi.
Amenyeshakoimbere yo gushira mungiro itegeko rishasha hari ibizobanzwa gukorwa nko kuronsa intara nshasha uburyo bwo kuba intara koko hamwe n’ugucapa bushasha imbibe z’amakomine bakazorabako atamakomine yitiranwa.
Mwebwe mwakiriye gute iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’inama nshikiranganji?