Intara z’u Burundi zigiye kuva kuri 18 zibe 5

Inama nshikiranganji yo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 ruhenshi 2022 muvyo yize harimwo integuro y’ibwirizwa ryo kugabanya intara zikava kuri cumi n’umunani zikaba 5 amakomine nayo akava kuri 119 akaba 42 nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa reta Prosper Ntahogwamiye mw’itangazo yasohoye.

Intara ya mbere Bujumbura

Ikaba zoba igizwe n’amakomine 11

  1. Bubanza
  2. Bukinanyana
  3. Cibitoke
  4. Mpanda
  5. Mubimbi
  6. Muha
  7. Muhuta
  8. Mukaza
  9. Mugina
  10. Mugongomanga
  11. Ntahangwa

Umurwa mukuru ukazoba i Bujumbura

Intara ya kabiri ikaba ari Buhumuza

Ikaba ifise amakomine 8

  1. Butaganzwa
  2. Butihinda
  3. Cankuzo
  4. Gisagara
  5. Gisuru
  6. Muyinga
  7. Ruyigi

Umurwa mukuru w’intara ukazoba mu Cankuzo

Intara ya gatatu ikaba ari  Gitega

Ikaba ifise amakomine 9

  1. Bugendana
  2. Gishubi
  3. Gitega
  4. Karusi
  5. Kiganda
  6. Muramvya
  7. Mwaro
  8. Nyabihanga
  9. Shombo

Umurwa mukuru w’intara ukazoba I Gitega

Intara igira kane ikaba ari Burunga

Ikaba ifise amakomine 6

  1. Bururi
  2. Makamba
  3. Matana
  4. Mpinga Kayove
  5. Rutana
  6. Rumonge

Umurwa mukuru w’intara ukazoba Makamba

Intara ya gatanu ikaba ari Butanyerera

Ikaba igizwe n’amakomine 8

  1. Busoni
  2. Matongo
  3. Kayanza
  4. Kiremba
  5. Kirundo
  6. Muhanga
  7. Mwumba
  8. Tangara

Umurwa mukuru ukazoba Ngozi

Amazone yavuye kuri 399 aja kuri  477

Imitumba iva kuri 2910 ija kuri 3037

Iryo tangazo ryasomwe na  Prosper Ntahogwamiye rivugako ivyo vyakozwe muntumbero yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, gukurikiza ibwirizwa nshingiro mukugabura uturere, guteza imbere igihugu n’ibindi n’ibindi.

Amenyeshakoimbere yo gushira mungiro itegeko rishasha hari ibizobanzwa gukorwa nko kuronsa intara nshasha uburyo bwo kuba intara koko hamwe n’ugucapa bushasha imbibe z’amakomine bakazorabako atamakomine yitiranwa.

Mwebwe mwakiriye gute iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’inama nshikiranganji?