Ba Mushiha mu Burundi: Abakozi bahembwa batakoze

Kuntwaro ya Président Col Jean Baptiste Bagaza mumugambi wo guteza ibiti kumataba y’imisozi, hariho amazina y’abantu, batasiba kukazi kandi batatonze, ayo mazina yarahembwa amahera yose kandi abandi bakozi batigera bababona. Babatazira ba Mushiha, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nawe aheruka kuvugako muri reta y’uburundi hariho abahembwa badakora.

Nk’uko twavyiganiwe n’abahora bakora mumugambi wo guteza ibiti mumataba y’imisozi yo mu Mugamba, abatwara abakozi bitwa abakapita barashiraho amazina atabaho, bagaheza bakama bandikira abo  bantu  ko batonze kandi atawundi mukozi n’umwe arababona.

Design. Itara Burundi

Ivyo babikora kugira bashobore kuronka amafaranga bashira mumifuko yabo.

Kuvyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka gushikirizako hari abakozi bahembwa batakoze, hari uburyo nkubwo bwoba bugikoreshwa mu Burundi?

Abatonda kubuzi bwa reta bose barakora akazi uko bikwiye?

Tanga ivyiyumviro.