Burundi: Umusi mukuru w’intama kizira kubaga intama

Burundi

Ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bwarimye urusha umuryango w’aba islamu rwo kubaga intama kumunsi mukuru wahariwe intama bita IDEL KABIL, Dr Déo Guide Rurema yabamenyesheje ko atokwemerako intama zibagwa kandi igihugu cose kigeramiwe n’indwara y’ibitungwa bita Fièvre de la Vallée du Rift.

Nk’uko biboneka mw’ikete uwo mushikiranganji yanditse, umuryango waba Islamu wari wasavye ko woronka urusha rudasanzwe rwo kubaga intama kumusi mukuru w’intama uriko urategurwa ariko bakaba bataruronkejwe kubera ico kiza.

Tubamenyesheko n’ibagiro ry’I Bujumbura ryugawe kubera ico kiza kimaze imisi kibangamiye ibitungwa mu Burundi bwose.