Inzara iriko iradodora mu Burundi.

Umwimbu w’ibifungurwa mu gice ca kabiri c’uburimyi wagenze neza mugihugu cose ariko ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga aho kumanuka kuburyo atagikozwe hashobora kuba inzara ikomeye cane.

Mu gihe ibifungurwa vyahora bizimbuka iyo vyeze uyu mwaka hoho siko vyagenze bivuyeko isi yugarijwe n’ikiza ca COVID19 hadasigaye inyuma, ivyatumye abadandaza batakija kurangura hanze ibifungurwa nk’uko vyahora mumyaka irenganye. Akarorero gatangwa ni nko muri Tanzaniya hahora hava ibifungurwa vyinshi biza mu Burundi ariko ubu atabikiza kubera uburundi bwugaye imbibe, ntawugisohokana ikamyo.

Abadandaza b’abarundi bonyene binjiza ibidandazwa aba ari abakomeye cane binjiza ibivuye kubivuko vya Mwanza na Dar es salam nabo bahitamwo kwikora kumakamyo y’abatanzaniya mukwirinda gukoresha amafaranga menshi.

Ibiciro ku kiro kimwe kimwe c’ibidandazwa twashoboye kwegeranya muntara zitandukanye zisanzwe zimbuka cane kur’uyu wa kane igenekerezo rya 10 mukakaro 2020 ni ibi bikurikira:
Umuceri ugurwa hagati y’amafaranga 1400 na 2200 bivanye n’intara
Ibiharage bigurwa hagati y’amafaranga 1000 na 1500 bivanye n’ubwoko n’intara
Ibiraya bigurwa hagati y’amafaranga 1000 na 1300 bivanye n’intara
Ibitunguru bigurwa hagati y’amafaranga 3000 na 3800 bivanye n’intara
Iyoba bigurwa hagati y’amafaranga 2300 na 3000 bivanye n’intara
Ibigori bigurwa hagati y’amafaranga 700 na 1000 bivanye n’intara
Ifu y’imyumbati igurwa hagati y’amafaranga 600 na 1000 bivanye n’intara
Akabido k’amaritiro 5 k’amavuta y’ikigazi kagurwa hagati ya 11000 na 17000 bivanye n’intara
Isukari igurwa amafaranga 2500(Kakora ikimenyane mukuyironka kandi ntawurenza ibiro bibiri) kuri magendu naho igurwa hagati ya 3500 na 4000 bivanye n’intara

Twobamenyeshako naho umukuru w’igihugu yari yamenyeshejeko isabune zizokoroka ibiciro gushika aho reta izoriha 50% bitaraja mu ngiro kandi ivyo biciro biguma biduga mugihe imishahara y’abaguzi hagwiriyemwo abakozi ba eta yoyo itaduga.

Kubera umugambi w’isabune y’ubururu wagangujwe uno mundi na SAVONOR ifadikanije n’ishirahamwe UNICEF, ibiciro vy’isabune bigashobora kugabanuka.