Mu mugambi watererewe n’ishirahamwe ry’aba suwisi ryitwa Freinds of Humanity uzotwara imiriyoni zirenga ijana z’amafaranga y’urwanda, ni ukuvuga hafi imiriyoni amajana atatu z’amafaranga y’amarundi (300000000FBU) ishirahamwe Maison Shalom ryaratanguye kwubaka inyubakwa zizokorerwamwo ibitari bike.
Maragarita Barankize arongoye ishirahamwe Maison Shalom arikumwe n’intumwa za Freinds of Humanity ry’i Jeneve mu Busuwise barashize ibuye rya mbere k’umushinge wo kwubaka inyubakwa izokwubakwa mu mezi atatu izoba imeze nk’isoko : Uburiri, ubunywero, uburaro, izu z’amanama n’idandarizo; mu karere ka Ngoma hegereye i Mahama hafi y’ikambi y’impuzi z’abarundi kw’igenekerezo rya 6 ruhuhuma 2019.
Umupfasoni Maragarita Barankitse yarateye akamo abagwizatunga ko bozana imitahe yabo muri ako karere kikaba igisagara kinywanisha. Aho yamenyeshejeko uwo mugambi uzotanga ubuzi bwinshi kubigishijwe imyuga itandukanye n’iryo shirahamwe hamwe n’abanyarwanda batari bake kandi ko kizoba ikibanza co kuruhukiramwo no kunezerwamwo.
Tubamenyesheko Maison Shalom ari ishirahamwe rifasha mubitari bike
abarundi bahungiye mu Rwanda aha tukavuga nko kwigisha abanyeshure b’impunzi batari bake guhera mu mashure y’abana bato gushika za kaminuza, rifasha abatashoboye kubandanya amashure mukwiga imyuga itandukanye.
Amakuru dukura mubafashwa n’iryo shirahamwe atumenyeshako ritarashobora gukwiza imfashanyo ku mpunzi zose kubera uburyo bukenewe ari bwinshi cane.