Musitanteri wa komine Kanyosha yaraye akombowe mu mabanga

Musitanteri wa komine Kanyonsha iri mu ntara ya Bujumbura Geneviève Ntahomvukiye yarahagaritswe mur’ayo mabanga mw’itangazo ryateweko umukono n’ umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi,  Gervais Ndirakobuca kur’uyu wa 9 août 2022. 

Muvyatumye abogozwa, nk’uko tubisanga mur’iriryo tegeko, harimwo ukutubahiriza itegeko rigenga itangwa ry’ amasoko ya Leta mu gutanga amasoko ry’amakaye y’imiryango(cahiers de ménage) ahonyanze amategeko, ukunyuruza intererano y’abanywanyi b’amashirahamwe yo gutegekaniriza kazoza INSS na Mituweri, ugukoresha nabi ubutunzi bwa komine n’ibindi.

Geneviève Ntahomvukiye yaraye akuwe aje kwongereza urutonde rw’abandi basitanteri bamaze  imisi bakomborwa inyuma y aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye  avugiyeko  hari abariko baritekerera.

N’ubwo biruko hari  abibaza igituma haguma hakurwa abasitanteri gusa ariko ba buramatari n’abashikiranganji bidogerwa badakomakomwa.