« Amaraso mashasha » kuburongozi bw’ibanki ya Republika y’uburundi, BRB

Amakuru ariko aravugwa n’uko ibanki nkuru ya Republika y’uburundi, BRB,  kuva kur’uyu wambere igenekerezo rya 8 Myandagaro 2022 iramutswa umuyobozi mushasha yagenywe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Dieudonné Murengerantwari akoreye mungata  Ciza Jean yaramaze igihe mur’ayo mabanga.

Uwo  Dieudonné Murengerantwari  yagenywe mur’ayo mabanga avuye kurongora ikigega BNDE. Akaba yarakoze muri API no mu bushikiranganji bw’indero inyuma yo kunonosora ivyirwa vyiwe muvy’ubutunzi mu gihugu ca Burkina Faso aho yagiye ahejeje kaminuza y’uburundi.

Twobibutsa ko ibanki nkuru y’igihugu BRB ironkejwe umuyobozi mushasha mugihe iri mungorane nyinshi nko kubura amafranga y’ agaciro(Devises) z’unyuwe n’ingingo yo kwugara amazu yavunja ayo mafaranga muri ntwarante 2020, uguta agaciro kw’ ifaranga r’uburundi hamwe n’ikigega c’integabizoza c’inzahabu vyavugwako kitakibaho.

Dieudonné Murengerantwari n’inde?

Dieudonné Murengerantwari, imvukira ya komine Ntega yo muntara ya Kirundo muburaruko bw’uburundi akaba ari incuti ishika y’umugwizatunga Sylvestre Niyonsaba.

Abazi Dieudonné Murengerantwari  bakaba bizerako azokoresha ubutwari asanganye mukubogora ubutunzi bw’iyo banki, nkingi y’uburunzi bw’igihugu mugufata ingingo zizotuma amabanki atabandanya yidogerwa hamwe n’izotuma abanyamitahe mvamakungu biyumvira gushira imitahe yabo mumabanki y’uburundi.