Ubumwe bwa buraya bwakuyeko ibihano u #Burundi hamwe n’abarundi batatu.

Ubumwe bwa buraya bwamenyeshejeko bwakuyeko ibihano u #Burundi hamwe n’abarundi batatu kuruyu wambere igenekerezo rya 24 gitugutu 2022 bari bafatiwe mukwezi kwa gitugutu 2015.
Nk’uko tubisanga kurubuga rw’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi, bakavugako bagiye gufasha mw’iterambere n’imigambi ya reta.
Abarundi batatu bari bafatiwe ibihano ni:
  1. Godefroid Bizimana,
  2. Umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca
  3. Léondard Ngendakumana

Joseph Mathias Niyonzima batazira Kazungu akorera iperereza ry’uburundi akaba ariwe bagumijeko ibihano.

Iyo ngingo mwayakiriye gute?