Burundi: Amafaranga y’agaciro aracari umuzi w’ibuye

Nubwo ibanki nkuru ya republika y’uburundi yakuyeho ingingo yahagarika amazu adandaza amafaranga y’agaciro, ntanimwe irugururwa kubera hasabwa amananiza, hasabwa imiriyoni amajana atanu ayo nayo akaba atabayafise.

Nkuko biheruka gushikirizwa n’umutegetsi wo mw’ibanki nkuru, umuntu kugira yugurure inzu yo kuvunja amafaranga y’agaciro asabwa umutahe wa 500 000 000FBu hamwe na 50 000 000 y’ingwati, abavunjayi bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bavugako reta iriko ishakako hogira abashiramwo amafaranga munyuma bakayibwa.

Mubivuzeko iki?