Umurwi wa Dynamo BBC ugiye kubandanya ukina

Bagiye kubandanya muri za nkino za BAL 2024 mu rukino rugira gatatu,Inyuma yo guterwa impaga mu rukino rugira kabiri rwo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 9 Ntwarante ukina na Fus Rabat kubera kutemera gukina bambaye imyambaro iriko ikimenyetso ca Visit Rwanda,vyamaze kumenyekanako inkino zikurikira Umurwi Dynamo ugiye kubandanya iryo higanwa bambaye nk’abandi bakinyi.

Umurwi Dynamo ukaba ufise urukino rukurikira Kiri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante ukasohangana na Maroc igihe c’isaha Cumi z’umuhingamo muri ico Gihugu ca Afrika y’epfo

Laisser un commentaire