Mundwi iheze haravuzwe umugwi w’interahamwe wahora ucumbitse mw’ishamba cimeza rya Kibira k’uruhanda rwa komine Bukinanyana wimukiye mu kibira kuruhande rwa komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 12 kigarama 2018.
Ivyo vyabaye mu gitondo c’uyo wa gatatu aho muri zone Bumba ku mutumba Ruhembe hibonekeje imbonerakure zishika kuri 20 zagenda n’amaguru zijana Nderama, Rubuye ku ruhande rwa komine Bukinanyana zerekeza ku mitumba ya Ngara, Rutabo, Rutorero, Gafumbegeti yo muri komine Mabayi. Bikavugwako zari ziherekeje interahamwe mu kibira co muri komine Mabayi ngo zitari zizi inzira neza ija mu Rwanda.
Izo mbonerekure muguhindukira zaje n’imodoka yo mubwoko bwa dina y’ishure ryisumbuye rya Butara (Lyecée Butara) bikavugwako yatanzwe n’umuyobozi waryo.
Ayo makuru avugako amategeko atangwa na komiseri Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika akayacisha ku bajejwe intwaro nacane cane Jean Bosco Hategekimana musitaneri wa komine Bukinanyana. Uwo nawe akaba ariwe yarasanzwe yahawe igikorwa co kugaburira izo nterahamwe igihe zari mu kibira kuruhande rwa zone Bumba.
Bamwe mubajejwe intwaro bamenyeshako batinya kugira ico bavuze ariko bagahanura urwaruka kwirinda gusubira kwimba inzahabu mu kibira kuko abatari bake bamaze kwicwa n’izo nterahamwe zikorana n’imbonerakure.