Urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru mu Burundi rwakoranije abarongoye ibimenyeshamakuru biri mu bihano.

Inyuma y’akamo katewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kundwi iheze gafatwa nk’iregeko kasaba urwego CNC kuganira n’abarongoye ibimenyeshamakuru biri mu bihano, kur’uyu wa 01 Ruhuhuma 2021, inama yambere yabereye i Bujumbura.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, amaradiyo mpuzamakungu abiri BBC na VOA niyo yitavye hamwe n’ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi; Ikiriho, Journal iwacu hamwe na Radio Ntumberero FM muri bine vyari vyatumiwe.
Kubwa Jérôme Kazabukeye arongoye ikinyamakuru Itara Burundi nacone cari muvyafatiwe ibihano, iyo ngingo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe yo guha agaciro ibimenyeshamakuru ni nziza kandi vyerekanako hari vyinshi izohindura.
Syndicat y’abamenyeshamakuru UBJ, Radio RPA na Télé Renaissance bakaba basohoye itangazo uno munsi nyene aho bashima ingingo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe yo gutanga itegeko kuri CNC ngo iganire n’ibimenyeshamakuru vyugawe kugira uburenganzira bwo kumenyesha amakuru busubire bwubahirizwe.
Abo basinye kur’iryo tangazo bakabonako ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butazoshoboka mugihe ubundi burenganzira butazoba burubahirizwa, nk’ubwo kugira amakoraniro, ubwo kwidengemvya, ubwo umutekano kuri bose canke hakiri abarundi ibihumbi n’ibihumbi bagipfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo.
Mu makuru ikinyamakuru Itara Burundi gifise hakaba himirijwe kwugururwa amaradiyo BBC, VOA na Bonesha FM aho ni mugihe Nestor Bankumukunzi yuguruye ivyo biganiro yamenyeshejeko bagiye kuganira n’ikinyamakuru kimwe kimwe ukwaco kugira barabire hamwe uko ivyo bimenyeshamakuru vyosubira gukora.