Burundi : N’iki gituma abakozi ba BRARUDI bagira bahagarike akazi?

Abakozi b’ishirahamwe rikora ibinyobwa BRARUDI, baragabisha umukoresha wabo ko atagikozwe mu musi itandatu bazohagarika akazi.

Vyose vyatanguye mumisi iheze, ishirahamwe HEINKEN risanzwe ariryo ryene BRARUDI rishatse gukoresha irindi shirahamwe ryo mu Burundi (Sous traitence). Bitanguye kwibonekeza ko abakozi bagire bakurwe umwumwe niho sendika yabo yavyiyamiriza, abarongoye BRARUDI baca batangura kubirukako, babarungika gukorera kure y’imiryango, barababurabuza nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga. Ico kikaba caciye kibabaza abakozi ba BRARUDI gushika aho bapfundika guhagarika akazi, izo ngingo ziramutse zidafuswe. Abakozi bamwe bakaba bafise amakenga ko umugambwe CNDDFDD ariwo woba ugomba usambure BRARUDI ariko abandi bakavyamirira kure bafatiye kubakozi bose bageramiwe kumwe bitaravye imigambwe.

Bikavugwako ubutunzi bwa BRARUDI busanzwe bwifashe nabi bivuye kubihe vya politike uburundi burimwo, ndetse bamwe hakaba bibazako rishobora gutembagara umwanya n’umwanya.

Tubamenyesheko umugambi wa HEINEKEN wo gukura ikiringe mubikorwa bimwe bimwe vyatanguye kera aho BRARUDI yahereye kubanyezamu n’abakora usuku ikabishira muminwe y’abikorera ivyabo, ubu naho hakaba hashikiriwe abakozi bo hejuru.