Mw’itangazo ryasohowe na Dr David Nahimana arongoye “Faculté des sciences”, igisata kimwe co muri kaminuza y’uburundi kuwa 3 nyakanga 2020 amenyeshako atamunyeshure azoronswa urupapuro na rumwe mubuyobozi atarishe amafaranga y’ishure.
Iryo tangazo rije mugihe abanyeshure bo muri kaminuza, igice ca mbere(Baccalauréat) basanzwe biga kungurane ya reta bageze mumwaka wa gatatu abiga igice ca kabiri “Master” nabo bageze mumwaka wa kabiri kandi mumasezerano bagiriraniye na kaminuza atavyigeze bivugwa.
Risohotse kandi mugihe abanyeshure biga mugice cambere ca kaminuza bidoga ko ababaserukira mugukurikirana ingurane baronswa (Commissaires au pret-bourse) bose basanzwe badafise izo ngorane kubera bobo biga baronswa imfashanyo batazokwishuzwa mugihe bigorana cane kugira baronswe iyo ngurane, bigatuma birengagiza ingorane barimwo kuko zitabakorako, aha bakavuga nk’amadeni baba bafashe kumabutike, ibikoresho n’ibindi. Bikavugwako nk’abatanguye uyu mwaka barenganijwe amezi atatu yambere atangurira umwaka bakabima iyo ngurane ya 60000 kukwezi mugihe abari mugice ca kabiri basanzwe baronswa 100000 kukwezi babo bamwe bamaze kuronswa amezi atatu yonyene abandi 6 mur’uyu mwaka w’ishure.
Amakuru duhabwa n’abanyeshure biga mugice ca Kabiri c’amashure ya Kaminuza ari nabo barabwa cane n’iyo ngingo avugako abahejeje mu wambere bataronswa urupapuro rwanditseko amanota(Bulletin) kandi batumva igituma uwo muyobozi yoza kwandika ivyo mugihe asanzwe aziko batabisinyiraniye.
Bagasaba reta mvyeyi/nkozi kubijamwo hakiri kare ikadadanura ivyo bibazo kuko batumva amafaranga bariko barishuzwa ayariyo narirya atakazi bararonka kandi baciga, bakabona ko kuja mumabarabara nk’uko vyahora bigenda mumyaka iheze atoba ariwo muti reta yorindira.