Ikiganiro umubano N°006 : Umuryango ugira usamburwe n’ukwizerana cane

Mu kiganiro c’uno munsi tubaganirira ubuzima bw’umuryango ushobora gusambuka :  umugabo asigaye ari umukene inyuma y’imyaka cumi abana n’umugore wiwe bivuye mukwizera abantu cane.

Célestin ni umukozi w’ishirahamwe rihemba neza, amaze imyaka cumi yubakanye na Doriane. Kumwaka uheze bumvikanye ko babika amafaranga yabo kuri konte yo gukora umugambi.

Doriane yabonye umugabo wiwe aguma yitaho akazi gusa ntatange ikiganiro gikwiye munzu iwe niko kuronka Eduard asanzwe akora akazi kabayabaye. Barakundana mw’ibanga bishika kure.

Eduard ico yakoze yarasanzwe ari umugenzi wa Célestin, yamusavye amugurane amafaranga menshi cane, umugambi wa Célestin na Doriane uca urapfa.

Ubu rero Eduard yanse kwishura Célestin amafaranga yiwe, ahubwo amubwirako ari umugambi bapanganye na Doriane kugira biryohere, amafaranga atakiyabonye.

Uwo Eduard avugako naho Célestin yoja kwitwara ko ataho bandikiraniye kandi akamubwirako amubandanije azokwibonerako.

Tanga impanuro kumubano w’uwo muryango(Amazina ni matirano).

Mufise inkuru y’umuryango ukeneye impanuro z’abasomyi b’ikinyamakuru Itara Burundi mutwandikire kuri Whatsapp N° +13302383877 canke kuri mail itaraburundi2014@gmail.com mushobora kudusanga kuri facebook https://facebook.com/ItaraBurundi1 canke kurubuga rwa Instagram : https://www.instagram.com/Itaraburundi2014/  eka mbere ntimutangwe no gusoma amakuru aca kurubuga www.itaraburundi.com