Burundi : Abanyagihugu bo mu Carama basigaye bahumeka ifu.

Burundi

Mu Carama, zone Kinama  komine Ntahangwa iri mugisagara ca Bujumbura hari  ihinguriro ryitwa Fungus rihingura ifu ryidogerwa n’abanyagihugu ko rigiye kubatera indwara atagikozwe vuba.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura aho mu Carama abivuga, iryo hinguriro Fungus rifise amamashine asya ifu ijoro n’umutaga ; hambavu y’urwamo rumena amatwi ababa mumihana iryegereye hamwe n’abarica iruhande, hari ifu itumuka irivamwo yinjira mumahaha y’abarengana bose iciye mumazuru no mukanwa. Umuntu wese ageze kumetero amajana atatu yaryo yakirwa n’akamoto k’ifu, uko aryegera akaba ariko ifu imutumukiramwo.

Abanyagihugu bo mu Carama barasaba umushikiranji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibidukukije kuhashika bagafata ingingo zibereye kugira iryo hinguriro ryoye kubandanya ribonorera amagara yabo.  

Twobamenyeshako iryo hinguriro riri kw’ibaraba riri kuri avenue Mukundanya, rimaze hafi imyaka ibiri abakozi baryo barunda umwanda urivamwo mw’ibarabara, ibishobora kwonona ibidukikije.