Umukenyezi umwe yari yubakanye rukirisu n’umugabo abantu babonako ari umukirisu akunda Imana ariko urupfu rwiwe rwasigaranye abandi ibibazo vyinshi cane, agahinda burya karica kandi abantu b’imibano mibi barabaho kw’isi.
Abantu bagiye kuvuga ubuzima uwo mugore yarabayemwo aruko amaze kwitaba Imana:
Kuva bagize ubukwe umugabo yaciye yaka uwo mugore uburenganzira bwo gusubira guhemberwa kuri konte yiwe iri muri banki, umushahara w’umugore waca urungikwa kuri konte y’umugabo wiwe. Umugore yarakenye kuburyo asigara yipfuza agahuzu n’ amavuta yahora yiha atarubaka arabibura.
Uwo mugore yarabujijwe kuja kuramukanya iwabo imyaka irahera atazi uko umuryango yasize umeze. Haragera igihe nyina w’uwo mugore aragwara, aramutumako ngw’aje kumusuhuza ntaz’apfe batavuganye, ariko umugabo aramwankira.
Yina yahapfuye yitaba Imana badasubiriye kubonana, umunsi yumva ko nyina batagisubiriye kubonana vyaciye vyanka mu mutwe, gushika aho ajanwa mu bitaro vy’abagwaye m’umutwe. Uwo mugabo yahavuye amukurayo adakize niko gukurikira nyina, arapfa baramuhamba. Abantu bibajijeko ahitanywe n’agahinda kandi yari yarubatse rukirisu nk’abandi.
Uwo mubano muwumva gute?
Mwotanga impanuro izihe ku miryango no kubajejwe intwaro?