Ivyashikiye abakozi barenga 300 bo muri Croix Rouge Burundi

CROIX ROUGE BURUNDI

Ishirahamwe Croix Rouge Burundi rifise umugwi w’abakozi barenga 300 bakora mu mugambi wo gukinga no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bakorera kubitaro bitandukanye vyo mu Burundi bamaze imyaka bidogako bafashwe nabi muvyerekeye agahembo n’imibano kuburyo basigaye bitwa na bagenzi babo « abaremeshakiyago » mugihe barimwo abaminuje.

Abo bakozi bitwa aba  « médiateurs de santé » bakorera mugisata co gukinga no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bidogera cane CROIX ROUGEBURUNDI ukuntu ribafata nabi kandi bafitaniye amasezerano y’akazi. Batanga akarorero ko guhembwa batevye kandi bagahabwa umushahara w’intica ntikize hamwe no kudahabwa icubahiro bakwiriye. Ikinyamakuru Itara Burundi camenyeko gushika kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Rusama 2021 batari bwaronswe agashahara kabo ko mu kwezi kwa kane mugihe kuwa 25 ndamukiza bategerezwa kuba barahembwe.

Bavigako hari ibikorwa vyiyongereye kuvyo bahorana vyo kigendera abagwayi ba SIDA mumihana yabo ivyo bita “ visite à domicile”  bisaba n’uburyo bwinshi bwo kwiyunguruza ariko iryo shirahamwe rikavuga ko rizobaha amafaranga ibihumbi cumi ry’amarundi kukwezi kandi azocishwa kuri Ecocash aho gucishwa kumakonte bahemberwako, bakicurako harimwo amanyanga kandi arikubahatira gukoresha cartes SIM za Econet Leo n’uwoba atayishaka bikazosabako akoresha amafaranga yo kuyiterefonesha atateguye kugira Carte SIM ntiyugarwe.

Abo bakozi ba CROIX ROUGE BURUNDI bavugako bafise akababaro ntangere kubona iryo shiramwe ryongera imishahara abandi ariko bobo bagasigara ahubwo bitwa abaremeshakiyago na bagenzi babo kandi harimwo n’abaminuje muribo. Umukozi wambere mur’uwo mugambi yatanguye mu mwaka wa 2004 bagatangazwa n’uko  batarongerwa amafaranga kandi bizwiko batunze imiryango ikeneye ubuzima bwiza nk’abandi.

Twobamenyeshako abo bakozi n’ubwo bakora mu gisata c’amagara y’abantu nabo badaheza ngo bavuzwe neza nk’uko bavyipfuza, bagasaba umukoresha wabo ariwe CROIX ROUGE BURUNDI kwikubita agashi bakabaha agateka bakwiye bakongera bagasuzuma neza amasezerano rifitaniye n’ishirahamwe SOLIS ryategerezwa kubafasha mukwivuza ritagikorana neza na Pharmacie SALAMA ibaha imiti. Iyo pharmacie ngo ntigiha imiti abakozi ba CROIX ROUGE BURUNDI bari mur’uyo mu gambi twavuze.

Twandikiye kuri mail ishirahamwe CROIX ROUGE BURUNDI ngo tubabaze ivy’iyo myidogo y’abakozi ariko tukaba tutararonka inyishu.