Ku musi wejo twarababwiyeko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi bwanditse kuri twitter ko umuririmvi w’umunyarwanda Israël Mbonyi atakiremeshereje ibiteramo i Bujumbura kubera ataruhusha azoba araronswa.
Ikinyamakuru Itara Burundi cagerageje kurondera imvo zoba zatumye uwo muririmvyi abuzwa kuremesha ibiteramo vyobaye kumagenekerezo ya 13 ,14 na 15 myandagaro 2021, twasanze imvo zine nyamukuru arizo zoba zabaye intandaro y’iyo ngingo :
- Kwirinda COVID19 : Mu binyamakuru bitandukanye umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca yavuzeko uburundi butazokwigera bwemerera abavugabutumwa bavuye mu Rwanda kuza kuvuza umuziki mu Burundi mugiye bugaranywe mu gihugu cabo kubera ikiza ca COVID19, mukamenyako uwo muririmvyi ariho yovuye. Ico co kwirinda COVID19 kigatera amakenga bamwe kuko José Chameleone ava mugihugu ca Uganda nawe yitezwe kuwa 14 myandagaro 2021 mu giteramo kigira umunani ca « Party people » kandi igihugu c’ubuganda naco kitasizwe inyuma n’umugera mushasha wa COVID19, uwo munsi ukaba wogize uwakabiri w’ibiteramo vya Israël Mbonyi.
- Kwibuka abanyamurenge 166 biciwe mu Gatumba : Igenekerezo rya 13 myandagaro 2021 umuririmvi Israël Mbonyi yotangurijeko ibiteramo vyiwe bihurirana no kwibuka imyaka 17 iheze abanyamulege 166 bagandaguriwe mu Gatumba, Israël Mbonyi akaba akomoka muribo, hakaba hoba habaye amakenga ko abanyamulenge boshobora kuronka uko bahurira hamwe bagahava bibuka ababo biciye mugikorane ca mugenzi wabo narirya icibutso c’abo bishwe casibanganijwe, bigashobokako n’uruhusha rwo kuzojayo rushobora kugorana.
- Ubutegetsi bwoba bushingiye kuri Ekreziya gatorika : Intwaro y’umuhisi Pierre Nkurunziza yabonetse ko ar’iyaba poroti itashira imbere idini rya katorika mugihe umukuru w’igihugu Général Evartiste Ndayishimiye we ari umukatorika yemewe no kwa Papa rero kwemerera igiteramo ca Israël Mbonyi, umuporoti, cosozerewe kuwa 15 myandagaro kandi iryo genekerezo rihurirana n’umunsi mukuru ukomeye uhimbazwa na Ekreziya gatorika aho wibutsa « iyurizwa rya Bikira Mariya mw’ijuru » bibaka vyosekana.
- Havuga ikindi gikorane kiriko gitegurwa n’umwe mubategetsi bakomeye boba bankako vyogongana n’ica Israël Mbonyi nariya ibikorane vyiwe vyotumiwemwo abategetsi bakanka kuzogora abategetsi bovyitavye.
Twobamenyeshako imibano hagati y’uburundi n’urwanda Israël Mbonyi yovuemwo itarimeze neza kuva 2015 ariko mur’iyi misi ikaba yariko irasubira kuba myiza n’ubwo kwima uruhusha Israël Mboni gushobora kuba ari ugutanga ubutumwa buhinyitse kugihugu c’urwanda.