Inzara izura inzara mu Burundi iriko iramota (Igice ca mbere)

Burundi

Inyuma yaho reta imenyesherejeko atabitungwa bizosubira kurangirwa ku mitumba, aborozi bo muntara zimwe zimwe bamaze imisi bahungisha inka abandi bazishora kubera babonako gukurikiza ingingo ya reta ari umuzigo kuribo. Inzara izura inzara igashobora kuzokurikira atagihindutse.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, aborozi begereye igihugu ca Tanzaniya bamaze imisi  bahungisha ibitungwa vyabo cane cane inka mugihe abo muntara za Mugamba na Bututsi  bari basanzwe borora inka nyinshi bobo bazimariye mumasoko. Bakaba batinya ingingo yo kwororera mumpongore itegekanijwe kuja mungiro mu kwezi kwicumi  uyu mwaka wa 2021, aborozi benshi bavugako batiteguye bihagije kandi bitanashoboka kwororera mumpongore baravye uko babayeho haraheze imyaka itari mike.

Abenshi babonako kurima ubwatsi bw’inka mugihe no kurima ibifungurwa ibibakwiye bidashoboka, ari ingingo y’amananiza.

Ubukene bw’ibikoresho vyo kurima nk’imashine, abakozi  n’amafaranga yo kurimisha bikavugwako bidakwiye mu Burundi n’ubwo abahinga bemezako inka zororewe mumpongore zigwiza amase n’amata.

Nk’uko bivugwa n’abatari bake, mugihe reta itokwisubirako kur’iyo ngingo, ngo yongereko iyindi myaka nk’itatu kugira abanyagihugu bitegure neza, babanze kurima infungurwa zibahagije, aborozi b’inka bazozimarira mw’isoko, babure amase yo gufumbira, ubukene butere maze inzara yice abatari bake kandi n’abatorora inka bazoshikirwa.

Twobamenyeshako ivyo biriko biba mugihe bivugwako reta y’uburundi yoba arasinye amasezerano n’igihugu ca Gabon yo kuzoshorayo inyama z’inka.

…/…