Burundi : Umunyagihugu yaciriwe amande ya 50 000 ngo yaravye nabi umupolisi

Burundi,

Turamaze imisi tubabwira amande mashasha rimwe na rimwe usanga atangana acibwa abanyagihugu. Umunyagihugu wo muri zone Vyuya, komine Mugamba yaciriwe amande y’ibihumbi mirongo itanu(50000Fbu) ngo aravye nabi umupilisi, umushingwamanza Vital Nshimirimana avugako amande nkayo arayo gukenesha abanyagihugu.

Mumande mashasha amaze imisi avugwa ni nk’aya:

  1. Kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI : Hagati ya 100 000Fbu gushika 500 000Fbu
  2. Kunyegeza isukari ya SOSUMO  hari uwatanze na 2000 000FBu
  3. Kutibomorera inzu yubatswe munsi y’imetero 6 z’ibarabara : 1000 000FBu
  4. Kuragira kumusozi : 15000Fbu
  5. Kutambara agafukamunwa uri muri Bus : 50000FBu
  6. Kunyegeza igitoro: 1000 000Fbu
  7. Guca mumashurwe ateye kumabarabara: 10000FBu
  8. N’ayandi n’ayandi

Ubu naho haroyemwo n’ayo kuraba nabi umupolisi 50000FBu, ayo akaba aheruka gucibwa umunyagihugu wo muri zone Vyuya, Komine Mugamba intara ya Bururi hamwe n’ayimirije gucibwa abazofatwa bariko barasenga kumisi y’ibikorwa, ayo akazoba ari 1000 000Fbu uzotangishwa ishengero bazoba bariko barasengeramwo.

Kubw’Umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC mwumva mumajwi kur’ubuga rw’ikinyamakuru Itara Burundi,

Burundi,
Igicapo kivuga
Amajwi ya Me Vital Nshimirimana

Amenyeshako amande mubisanzwe ashingwa na sentare iyo umuntu aba yakoze icaha kanaka hanyuma ayandi agacibwa n’abajejwe intwaro ariko akaba aba yanditswe mumategeko.

Kubwiwe iyo uwujejwe intwaro canke umupolisi avyutse agaca umuntu canke umurwi w’abantu amande atanditse mumategeko aba arenze amategeko kandi aba ariko yankisha abanyagihugu ubutegetsi; akavugako hageze ibikorwa vy’iterambere abanyagihuguko bashobora kwirabira hirya kubera atagahato kaba karimwo.