Burundi : Abanyororo bariko « bicishwa inzara »

Burundi,

Haraheze imisi tubabwiyeko hari inzara mw’ibohero rimwe ryo mu Burundi. Amakuru dukura mumabohero atandukanye yo mu Burundi amensheshako inzara irembeje abanyororo kurugero rutari bwaboneke.

Bamwe mu banyororo batanguye kwibazako woba ari umugambi wo « kubicisha inzara » ngo bafatiye kukuntu basemerera ariko ikibazo c’ibifungurwa zabo kikaburirwa umuti urama mugihe bumvako umwimbu wagenze neza hanze mu gihugu(imvugo yabo).

Ntitwashoboye kuronka abajejwe amabohero mu Burundi kugira tumenye ico ubukene bw’imfungurwa mu mabohero buvako.