Burundi : Akamo k’abahejeje amakaminuza bagateba kuronswa impapuro z’umutsindo karumviswe

Burundi,amakuru

Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 gitugutu 2021, mu ntara ya Karusi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi Liboire Bigirimana amenyeshako ubushikiranganji avugira bwumvise akamo k’abanyeshure baheza amashure ya kaminuza bakamara imyaka myinshi bataroswa impapuro z’umutsindo. Yamenyeshejeko hamaze gusinywa izishika 1300 kandi n’izindi ziriko zirasinywa vyihutirwa n’umurwi ubijejwe.

Haraheze imisi ikinyamakuru Itara Burundi kibashikiriza imyidogo y’abanyeshure baheza kaminuza bakamara imyaka myinshi ndetse bamwe bakamara imyaka umunani batararonswa impapuro z’umutsindo baba barakoreye hakaba n’abo amahirwe yo kuja kunonosora ivyirwa hanze canke kuronka ubuzi abaca mu myanya y’intoke.

Uwo muvugizi w’ubushikiranganji akaba yamenyeshejeko hari umurwi uruko urasinya vyihutirwa impapuro z’umutsindo zose zitarasinywa kugira zishikirizwe benezo. Akavugako hariho 1300 zamaze gusinywa.

Ivyo akaba yabishikirije mugihe yariko arishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru mukiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 gitugutu 2021 cabereye muntara ya Karusi.