Burundi: Abadandaza bo ku Musaga kuri station basabwa amafaranga y’umurengera mw’ibanga kugira babandanye bahadandariza.

Guhera mw’ijoro ryo kumusi wa kabiri igenekerezo rya 26/3/2019, abadandaza begereye zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura ntaburenganzira bwo gukora bagifise.

Nk’uko amakuru dukura ku Musaga abitumenyesha, kiretse umudandaza umwe asatura imbaho, yoba yemeye kuzotanga amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000FBU) hararenze ejo abandi badandaza bose amazu ry’idandarizo (Kisoques) yabo yiriwe yugawe k’ur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 ntwarante 2019 .   

Abo badandaza bakamenyeshako baheruka gusabwa kwegeranywa amafaranga angana ibihumbi amajana abiri abiri ku muntu(200000FBU) ngo bayahe umuntu umwe wo hafi yabo nawe ayashikane hejuru nabo bakavyanka, ariko kubona mw’ijoro ry’ejo kuwa kabiri, haza commissaire ajejwe umutekano mugisagara ca Bujumbura bita Mohamed  yugara utwo tuzu bakoreramwo twose.  

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga amakiyosike yose yoba yababa ijana rero umwe atanze ibihumbi 200000 yose hamwe yongana imiriyoni mirongo ibiri z’amafaranga y’uburundi, amafaranga abo badandaza babonako kwoba ari ugusahurwa no kunyonora ubutunzi bw’igihugu narirya atoba yinjiye mu kigega ca reta ikirenzeko bakaba batabwirwa ico yoba avuyeko n’ico yoba agiye gukora.

Mugihe ibibazo vyabaye vyinshi ngaho ku Musaga, bamwe bibaza ko woba ari umugambi wo kuzoha imbonerakure ivyo bibanza mu kugiriranabi abo badandaza bahorwa imvo za politike, amakuru twaronse n’uko muri utwo tuzu twugawe harimwo n’ak’umushingamateka Lewis Niyongabo yatowe yahora mu bakokayi b’aho ku Musaga n’utw’abandi bari mumugambwe uri ku butegetsi.

Mumakuru twakuye mubegereye umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD, ubukene bw’amafaranga burangwa muri reta na cane cane muri Mairie ya Bujumbura mu bahawe ibiti bikomeye, boba basabwe gushikana hejuru amafaranga, nabo akaba atahandi bayakura atari mu banyagihugu rero ko bwoba ari uburyo bwo kwegeranya amafaranga atagira amakanda.

Nk’uko vyagenze muri aya mezi aheze aho abadandariza kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge hafi y’ikiraro ca Kanyosha  batswe amafaranga mw’ibanga ntangere kugira babandanye bahakorera, bikavugwako batanze ayatari musi y’ibihumbi amajana abiri ku muntu akaba ariyo mvo vyoba bir’uko n’aho ku Musaga.

Tubamenyesheko abo bugariwe amazu y’idandarizo bari basanzwe bariha amakori n’amatagisi nk’uko bisanzwe kandi ko bari bafise n’uburenganzira bwo gukora bahabwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura abatari bwaronke impapuro zisabwa bakaba babandanya bazihabwa ariko atanahamwe barasabwa ku mugaragaro ayo mafaranga avugwa mw’ibanga ngo bamenye ivyarivyo bagasabako reta yobareka bakabandanya bakora kuko imiryango yabo igiye kwicwa n’inzara.