Burundi : Umugambi « Ewe Burundi urambaye » wo guteza ibiti woba ariwo watanguje isekeza ryo kurandura ibiti vy’imikaratusi mu Cankuzo ?

Ku musi wa kane igenekerezo rya 4/4/2019 mu ntara ya Cankuzo haratangujwe isekeza ryo kurandura ibiti vy’imikaratusi biri ku nkengera z’imyonga ku metero 15.

Inyuma y’inama n’amatangazo bitari bike aho abarimyi n’aborozi basiguriwe ububi bw’ibiti vy’imikaratusi iterwa ku nkengera z’imyonga munsi y’imetero cumi na zitanu, bagasabwa kuyirandura bakayihonya, abajejwe intwaro n’ibidukikije muntara ya Cankuzo baratanguje isekeza ryo kurandura iyo mikaratusi muri komine n’intara ya Cankuzo ku mutumba Gitumburwe n’aho bitabonwa kumwe na bose :  

Ico abajejwe intwaro n’ibidukikije babivugako.

N’aho buramatari w’intara ya Cankuzo, Désiré Njiji atashimye kugira akajambo atwishuye tumurondeye ngo tumubazeko iryo sekeza ryoba riri mu mugambi , amakuru twaronse n’uko muvyo abanyagihigu basiguriwe mur’iyi misi ar’uko ibiti vy’imikaratusi bifise imizi miremire bigaheza bigakwega amazi meshi arinayo mpamvu amazi yama yakamye mu myonga bigatuma abarimyi batimbura bikwiye. Abajejwe intwaro n’ibidukikije basavye abazi bose ko bafise ibiti vyegereye imyonga kuvyirandurira kugera ku metero 15 z’aho imyonga igera nayo abatarabitera bakabitera ku mitumba gusa.

Ico abahinga mu vy’uburimyi n’ubworozi babovugako .

Abahinga twaganiriye batashimye kwivuga amazina bamenyeshako ari hamwe imikaratusi ihonejwe hoba  ingarukambi narirya umukaratusi war’ufitiye akamaro  kanini abanyagihugu:

Kwubaka, gucana mu gihe abarundi bakoresha inkwi kandi nyinshi ziva mu biti vy’imikaratusi, intebe zose zo mu mashure ziva mu biti vy’imukaratusi, kurembera ibiharage, ibitoke, n’bindi.

Bakaba batokwumva ukuntu reta yogira umugambi n’ibihushane vyawo aho iheruka gugwiza no gukwiragiza imivyaro y’ibiti mu mpera z’umwaka wa 2018 mu mugambi w’imyaka indwi wiswe « Ewe Burundi urambaye » ari naco gituma bibazako itoba ishaka guhonya ibiti vy’imikaratisi ahubwo ari kubikura ku nkengera z’imyonga gusa.

Mugihe umwe yatubwiyeko har’ivyo badahuzizako hageze kukintu co kurandura ubunyene iyo mikaratusi uwundi wewe yabandanije atubwira ati : « Nivyo imikaratusi irafise ububi bwayo mubijanye no kunywa amazi menshi na cane cane mugihe iriko irakura, ariko n’ibindi biterwa canke ibiti mugukura kwavyo bikoresha amazi menshi » Abandanya atubwirako hari ububi imikaratusi yisangije nko kuba ifise ubumara bunuka bwica ibindi biterwa aho usanga iruhande yayo haba hameze nko mu bugararwa.

Asozera ikiganiro yaduhaye agira ati : « Ibiti ni ngirakakamaro kubijanye n’ikirere: bituma imvura igwa, biragabanya ubutosekare bw’igisenge gikinga imishwarara yizuba, n’ibindi n’ibindi iruhande y’ivyo abantu babikoresha. Nivyiza y’uko abantu bogwiza gutera ibiti kama (arbres primaires) gusumba ibiti biba bivuye hanze. hanyuma abantu bagatera ibiti aho bitegerezwa guterwa »

Ico abarimyi borozi babivugako

Abarimyi bobo bavugako baguye mugihombo na rirya guca igiti cari gisigaye ari ingorane zidasanzwe ariko reta yo ivyiyumviriye ikavyuka ibica batavuganye n’uko borondera isoko y’ibiba bimaze gukura ngo bisubize na makeya muyo baba barakoresheje mukubitera.

Bamwe mubanyagihugu bavugako hako barandura ibiti bateye bobura bumva imborerakure arizo zije ku birandura.

Abo banyagihu ishavu rikaba ari ryose batumva ukuntu buramatari ashobora guhagarikira umugambi wo kubarandurira ibitara vy’imikaratusi bari bazigamwo uburamuko mugihe uwo musaba yerekane ivyiwe yaranduye atovyerekana.  

Twobamenyeshako hari umwe twavuganye akatubwirako ivyo kurandura imbuto vyaheruka kuntwaro ya Jean Baptiste Bagaza aho yaranduza ibitoke ngo vyegereye ibitara vy’ikawa, abanyagihugu bakanka akaruhira kurungikamwo aba JRR (Urwaruka rw’umugambze UPRONA wari ku butegetsi ico gihe) akaba aribo babirandura.