Burundi: Amashirahamwe agize isekeza Teshwute ahamagarira abanyagihugu kudakurikira Petero Nkurunziza

Mugihe Petero Nkurunziza amaze imisi akobeje cane mu mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro mu kwezi kwa gatanu kur’imbere abicishije mu matora, amashirahamwe adaharanira inyungu aza politike yasohoye itangazo w’isekeza Teshutwe yashizeho mu ntumbero yo  kubuza ko uwomugambi ushika ku ntumbero.

Nkuko umushingwamanza Vital Nshimirimana yasomye iryo tangazo ryo kw’igenekerezo rya 03/02/2018  kw’izina yayo mashirahamwe yabimenyesheje,  bamwe bamwe mu bari muri reta ya  Petero Nkurunziza babandanya basahura abanyagihugu, batunga ku rugero ruteye ubwoba mu gihe abarundi benshi bishwe  n’ubukene, bamwe murabo bategetsi bakongera bagahungisha imiryango yabo, bikagaragara ko bagomba basahure igihugu hanyuma baheze bigire bataye igihugu mu manga.

Ayo mmashirahamwe abandanya ahamagarira abarundi bose kugarariza gutanga intererano zasabwe n’umushikiranganji kuko zinyuranye n’abarundi bamerewe kuko atawosaba guterera mu bukene bwugarije igihugu.

Tubamenyesheko hambavu y’intererano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo ukundisha igihugu yasavye abicishije mw’itegeko ngo yo guterera amatora ya 2020, ubushikiranganji bwose bwaciriwe  ntererano yo ku ruhande nayo ikazotwangwa  n’uwukukira ubwo bushikiranganji kuva hasi gushika ku hejuru. Abanyagihugu bakidoga ko batozwa intererano nyinshi irengeye ubushobozi bw’abo mu gihe bamwe basanganywe amadeni mu ma banki basigaye bafata uduhera dukeya rero ko batabona uko bazobigenza.