Abasirikare batatu bapfuye abandi 5 barakomereka

Ivyo vyabereye mu ntara ya Bubanza

Muri rino joro ryakeye igenekerezo rya 5 rishira irya 6 nyandagaro, imodokari ya gisirikare yo mubwoko bwa Pick Up  yarategerewe n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho mumasaha ya sambiri z’ijoro hicwa abasirikare batatu b’igihugu abandi batanu barakomereka.

Abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge aho bariko baravurigwa. 

Abanyagihugu bugarijwe n’ubwoba ntangere kubera bivugwako uwo mugwi waciye ujana mu rukoko.