Abepiskopi Gatolika b’i #Burundi basohoye itangazo bavugamwo ko hari urudandazwa rw’abana b’abigeme bongera bamenyesha ko bahagaritswe umutima n’itotezwa rikorerwa impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.

Muri iryo tangazo risozera inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi yo muri Ruheshi 2019 yabereye i Gitega kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 7 ruhenshi 2019 rigizwe n’impapuro zitatu, Abepiskopi Gatolika barerekana amabi akorwa mu burundi atacamira.


« Abo Bepiskopi barahagaritswe umutima n’ukwumva ko ingwara ya malaria yasubiye kuba ndanse mu mihingo myinshi y’igihugu ; barababazwa kandi n’ukwumva ko, ahatari hake, hariho n’ayandi mabi aguma yibonekeza : nk’ubusuma butandukanye, burimwo mbere n’ubugirwa n’abitwaje ivyuma bicira umuriro, buheza bugahitana ubuzima bw’abantu ; nk’abantu bashingiye ku gutwarana uburozi ; be n’urudandazwa rw’abigeme ruvugwa mu turere tumwetumwe tw’igihugu. » nk’uko tubisanga mur’iryo tangazo.


Abepiscopi bamenyeshako bababajwe no kuba hariho ukutihanganiranira kwatanguye kwibonekeza hamwehamwe mu banyamigambwe, bivuye ku guhababuka kujanye n’ihangiro ry’amatora yo mu 2020. Bamwe bagashamirana, mbere n’ukwicana bakicana. Abepiskopi barahagaritswe umutima kandi n’uruhagarara bumva ruri mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya.


Abepiskopi barangije iryo tangazo bavugako bamenyeshejwe aho ababishinzwe bagejeje urwubako rw’ikigo c’ukuremesha ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe « CINOPR », baramenyeshwa n’ibigikenewe kugira ngo urwo rwubako ruhere. Bamaze kurimbura ivy’ubutunzi bw’ikigo GEMECA, baracishijemwo n’ivyerekeye ibikenewe kugira ngo hatangure ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gusaba ko abahisi Patiri Mikaeli Kayoya, abaseminari 40 b’i Buta hamwe n’abamisiyonari b’Abasaveriyano biciwe i Buyengero bashirwa ku rutonde rw’aberanda.

Soma iryo tangazo ry’Abepiskopi Gatolika ryose hano canke kurubunga ngurukana bumenyi rwa CECAB