Burundi : Uruhigi kubasengera muvyumba vy’amasengesho

Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi  Hon. Gelase Daniel Ndabirabe yamenyeshejeko ubutegetsi bwamaze gufatira ingingo abantu basengera muvyumba vy’amasengesho. Hari mw’ishengero rya Methodiste Libre kuri Paroisse Cibitoko kumusi w’Imana igenekerezo rya 14 Ntwarante 2021.

Hon Gelase Ndabirabe avugako abaja muvyumba vy’amasengesho ari ugusubira inyuma akemezako ari satani iba iriko irakora, baba bagiye gusambura amadini barimwo akamenyeshako ubutegetsi bwabafatiye ingingo kugira bahagarike gusenga.

«  Twebwe ko Imana twayishize imbere mu Burundi, muri constitution, ibwirizwa nshingiro, Imana iriyo, hanyuma hagaca haza abandi bantu bavuga ngo : mwebwe muri reta murabesha, mwebwe abarundi murabesha, mwebwe bantu muriko murasenga Imana murabesha, hariho iyindi Mana . None twebwe abo bantu twobagira gute ? Mwumva twobagira gute ? Reka tubirukeko kuko aho niho satani iriko irakorera. Harya rero Satani iriko irakorera reka tuhapfunge.» Bimwe muvyo Hon Gelase Daniel Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka yashirikije aho yari yagiye gusengera mu Cibitoke.

Twagerageje kurondera bamwe mubatowe kugira tubabaze ko hari itegeko ryoba riratorwa ribuza abasengera mu vyumba vy’amasengesho ariko bakaba batubwiyeko ataryo bazi. Umwe muribo niwe yatubwiyeko yibazako vyoba bijanye n’aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira bumaze imisi bwidogako amadini yabaye menshi cane cane i Bujumbura hamwe n’indyane ziyavugwamwo.