Igihugu c’u Burundi coba gitwarirwa muri Ekereziya katorika?

Igiteramo cahagaritswe ngo ntigikurikije imico n’imegenzo y’abarundi

Mu gihe mu ntara ya Bujumbura , komine Mutimbuzi muri Green City Hotel  hari hategekanijwe igiteramo ca Pasika, Musitanteri  Butoyi Siméon yafashe ingingo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2022 yo kugihagarika ngo ntikijanye n’akaranga, imigenzo canke imico y’abarundi.

« Twisunzeko mu gihugu c’uburundi twashize Imana imbere ; Turi n’iteka ryo kubandikira tubamenyesha ko ico giteramo cari gitegekanijwe ku munsi wa Pasika kitakibaye ; turasavye rero ko mukibona rino kete mwoca mubimenyesha abo vyega bose. » ivyo dusoma mw’ikete ryashizweko umukono na Butoyi Siméon, Musitanteri wa Komine Mutimbuzi yandikiye uwurongoye Green City Hotel. 

Ukukuru w’igihugu yikoreye umusaraba

Ivyo vyabaye mugihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari aramutse yifatanya n’abakirisu bo mu ntara ya Giteka munzira y’umusaraba  aho yabonetse yikoreye umusaraba munini.

Twobibutsako yaheruka ko yaheruka i Roma mubutariyano kubonana na Papa. Vyatumye abantu benshi bibaza nimba igihugu c’uburundi coba gisigaye gitwarirwa muri Ekereziya Katorika.