Burundi : « …Kuko abantu bari bacumukujwe n’intwaro mbi » igikorane catanguye

Kuva kur’uyu wa 19 nzero kugeza kuwa 21 nzero 2023 i Gitega, umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi wahateguriye igikorane gitegura ikoraniro kaminuza rizoba kuw’Imana igenekerezo rya 22 Nzero 2023, ijambo rizosomwa rikaba ryateguwe imbere y’igihe.

Mur’ico gikorane co gutegura abanyamugambwe mu mitwe yabo kugira bazokwakire ibizova mur’iryo koraniro atangorane, abagiteguye bakaba bashize imbere ijambo dusanga muri bibiliya rifise umutwe w’ijambo uvuga ngo « Nehemiya atwara abantu neza » riri mugitabu c’umuvugishwa n’Imana Nehemiya (5 : 14-19).

Tukarisangamwo amajambo avuga ngo « ….kuko abantu bari bacumukujwe n’intwaro mbi ».  Iyo ntwaro ni iyihe?

Tubamenyeshejo gutunganya amasengesho umusi w’ibikorwa bibujijwe arikoo iyo yateguwe n’umugambwe CNDDFDD ayo mategeko adaheza ngo akurikizwe.

Mubivuzeko iki?