Abavunjiye amafaranga y’agaciro abaje mu buruhuko mu Burundi bahakwa kuyaruka

Turamaze igihe tubabwira ingorane zatewe n’ikena ry’amafaranga y’agaciro  zatanguye mu kwezi kwa gatatu 2020 hugawe amazu y’abavunjayi. Kubera izo ngingo, abarundi n’abanyamahanga baruhukiye mu Burundi boba bavunjishirije kuri marché noir none havugwa umugambi wo gusahura urukombamazi abavunjayi bose boba barabavunjiye.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, hoba hariko harategurwa uruhigi rw’abavunjayi bazirako babavunjiye amafaranga y’agaciro abaje muburuhuko mu Burundi hanyuma imifuko y’ibihangange ntishikirwe.
Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, abakozi bo mw’iperereza bahora biruka kubavunjayi ngo boba baca biba amafaranga uwo bishe canke basahuye ntibayashikane kubabatwara, ariko ubu mubihangange bivugwako  biriko bitegura uwo mugambi, amafaranga bazoba bahuye abavunjayi azoshikanwa munzego zo hejuru kugira ntibizotere ingorane mugihe bose bazoba baronseko.

Tubamenyesheko uburundi aribwo buramutswa uburongozi bw’umuryango w’ibihugu vya afrika y’ubuseruko ariko arico gihugu conyene kitemerako amafaranga y’agacizo mvamakungu harimwo n’ay’ivyo bihugu nyene avunjwa kumugaragaro. Amazu y’amavunjirizo arugaye kuva mukwagatatu 2020