Burundi : Abagabo batatu batwara Ello Community Company boba barara barabundabunda.

Inyuma yaho bimenyekaniye ko ishirahamwe Ello Community Company ryabesha abantu ko ridandaza amafaranga yo kuri Internet (BitCoin), Habincuti Jean Réné, Rivuzimana Déogratias na Mpawenayo Désiré boba barara barabundabunda gushika kur’uyu wa 30 nyakanga 2019.

Inyuma yaho ikinyamakuru Itara Burundi gishiriye ahabona bimwe mumatohoza cari cakoze kumashirahamwe abandanya yiba abanyagihugu acuruza amafaranga ibanki nkuru itemera harimwo Ello Community Company, abo bagabo tubabwiye aribo bonyene bazi itunganywa ry’ amafaranga yo muri Ello Community Company bamaze kubona biroye ahabona, baciye bugara ibiro vyose bakoreramwo. Aha bakaba bahereye kucicaro gikuru kiri munyubakwa yahozemwo Leo Burundi, ibiro vyari kunyubakwa yitwa Muhororo aho bigishiriza abakozi ibijanye no kudandaza(Trading) i Bujumbura hamwe n’ibiro vyari bimaze gushingwa muntara za Makamba na Gitega.

Mugihe iryo shiramwe ryari ryashinzwe kw’igenekerezo rya 29/4/2019 n’abantu batanu : Rivuzimana Déogratias(Rév Pasteur), Nyamibaka Etienne, Butoyi Pascal, Ndayizeye Josias na Habincuti Jean Réné mu nyuma hakazamwo abandi bazanyemwo imutahe, hahavuye hadukamwo indyane inyuma y’amezi makeya ritanguye ubu akaba ari Habincuti Jean Réné na Rivuzimana Déogratias bari basigaye babazwa ivyaryo hamwe n’uwahoze ari umunyabigega wabo Mpawenayo Désiré.

Tubamenyesheko abakozi ba Ello Community Company  n’abari bazanyemwo imitahe ngo bazokwunguke biciye mukugabura inyungu canke mu nyungu z’amafaranga yo kuri internet bita Bitcoin batashe zirayoye ndetse n’amaterefone abo bagabo bahora bakoresha bakaba bamaze kuyazimya twabarondeye ngo baduhe umuco turababura ikindi n’uko bivugwako bari abishikira mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD aho ndetse bitavye n’ibirori kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro 2019 aho uburundi bwahimbaza imyaka 57 iheze bwikukiye bambaye n’umwambaro ubereye ijisho.