Burundi : Himirije gushingwa ibicaniro vyo gusenga « imana atawuzi iyariyo.»

Amadini canke amashengero arabandanya atotezwa, inyuma yo gushiraho ku nguvu abarongoye amashengero atari make bayoboka umugambwe CNDDFDD, ekleziya katorika iherutse kwifatirwa mugahanga n’abategetsi buwo mugambwe mugihe himirije gushigwa ibicaniro vyo gusenga imana yemewe n’umwo mugambwe izoba ifise igicaniro mu ntara ya Gitega.

Mu birori vyo gutanguza icese urunanini rw’abapfasoni b’aba pasitori, REFEPEBU vyabereye munyubakwa y’amakoraniro yitiriwe Jean Paul II yo mu Kinindo, mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 14 nyakanga 2019, Denise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyeshejeko hagiye gushingwa ibicaniro vyo gusenga ku mitumba yose igize uburundi ngo aho bazosengera ibihe vy’amatora uburundi  bwimirije.

Mw’ishirahamwe RCP, urunani rw’abanyagihugu b’intungane babonako itotezwa ry’amadini atadukanye bidafise insiguro na ntoya mugihe umugambwe CNDDFDD ariwo wivugira ko washize Imana imbere ndetse ukaba warashize no mw’ibwirizwa nshingiro ko umurundi afise uburenganzira bwo gusengera mw’idini ashaka ariko akaba ariwo uja imbere mu gutoteza amadini afise abanywanyi benshi « wicurako bohava bigisha ivyo udashaka » Nkuko muvyumva mu kiganiro Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye ivyo shirahamwe yaduhaye.

Tubamenyesheko guskika ubu ishengero ry’abasabato(Adventiste bo ku munsi w’indwi) birirwa baraburagizwa gisenga, ishengero rya Pentecote rifise ingorane zivuye ku burongozi hirya no hino mu gihugu ndetse amadini atari make kukaba aruko mu gihe umugambwe CNDDFDD wama utunganya ibikorane kandi uri mukwuzuza ingoro yo gusengeramwo yitwa igicaniro mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru w’uburundi aho uwo mugambwe wihaye ama hectares arenga ane arimwo n’inyubakwa za reta ku mwaka uheze.