Burundi: Ubwoba budasanzwe mumiryango y’abariko barahagarikwa bo muri komine Mugamba

Mur’ino misi hasubiriye kwibonekeza uguhagarikwa kubwinshi k’urwaruka be n’abahoze mugisirikare ca kera EX-FAB muri komine Mugamba intara ya Bururi, n’ababa i Bujumbura bava mur’iyo komine bakaba batanguye guhagarikwa. Imiryango y’abafashwe iratabaza umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ico akoze kugira iyo miryango ishobore gutekana no kuronswa ubutungane kubabuze ababo. Bamwe bafatwa n’abapilisi abandi bagafatwa n’iperereza bagirizwa gukorana n’imirwi igwanya igihugu mugihe iyo komine irangwamwo amahoro n’umutekano ntangere.

Mu gacimbiri Kabigenzi umutumba na zone Kibezi  mur’iyo komine ya Mugamba iri mu ntara ya Bururi, kw’igenekezezo rya  17 Myandagaro 2021 abapolisi bakorera kurikomisariya ya komine Mugamba barahagaritse umwana w’umukobwa yitwa Tuyizere Belyse bamukuye ku muhana kwa inakuru aho asanzwe aba kuri uwo mutumba isaha cumi nimwe zo mugatondo iyuma yogusaka ariko ntibagira ico bahatora.

Belyse yarapfunzwe imisi mikeya aca ajanwa i Bujumbura mu gasho k’iperereza, umuryango ukaba utazi uko amerewe gushika ubu. Kw’igenekerezo rya 21 /8/2021 abapolisi barenga 30 barasubiye ku mutumba iwabo gusaka, ntakigwanisho nakimwe cahatowe ariko bagiye batwaye abantu bane: Nahimana,umurimyi Jean de Dieu w’imyaka 19, Muberandanga Ildephonse yigisha kw’ishure ritoya ryo mu Kibezi hamwe n’umushitsi yitwa Cedric w’imyaka 20 yava muntara ya Rumonge. Barabatwaye kubapfungira muri komisariya ya polisi ya komine Mugamba, batatu murabo bahavuye barekurwa ariko uwo Muberandanga asigarayo bamurekura kumunsi wakabiri igenekerezo rya 24 Munyonyo.

Kuwa gatanu igenekerezo rya 27 abapolisi basubiye aho Kabingenzi bafata umahoze mugisoda ca kera(Ex-FAB) azwi kw’izina rya  Nibimenya Eugène hamwe na Immaculée Nintije umupfasoni w’umusoda akiri mukazi babatwara mugasho ka  komisariya y’igipolisi i Muramba. Kuw’Imana igenekerezo rya 30 niho baca babamanukana mw’iperereza i Bujumbura aho bapfungiwe gushika ubu.

Abavuka mu Mugamba batanguye gufatirwa i Bujumbura

Iperereza ryatanguye gufata abavuka ngaho mu Mugamba bafitaniye isano n’abari bafatiwe mu Mugamba: Kumusi w’ejo igenekerezo rya 31 Myandagaro 2021 hafashwe uwitwa Mubera, uwo nawe akaba yaheruka kurekurwa, yafatiwe i Bujumbura inyuma yaho abapolisi bamuburiye k’urugo iwe mu Kibezi muri komine Mugamba.

Uwitwa Emery Niyombabazi avuka mur’iyo komine Mugamba nyene biravugakwo yasohowe n’umukozi w’iperereza mu Mpimba i Bujumbura ejo kuwa 31 Myandagaro 2021 ubu akaba atawuzi aho apfungiwe, uyu ikinyamakuru Itara Burundi kikaba kitaramenya isano yoba afitaniye n’aba twavuze.

Uwundi yafashwe uno munsi igenekerezo rya 01/09/2021 ni  uwitwa Irakoze Adolphe asanzwe ari mur’uwo muryango nawene akaba yafatiwe i Bujumbura aho yarasanzwe aba kuncuti.

Mur’iyo komine ya Mugamba hamaze gufatwa urwaruka be n’abahoze mugisoda batari bake mu kiringo c’umwaka umwe

Uwitwa Come Niyongabo yafashwe hanyuma yicirwa i Burambi muntara ya Rumonge mumisi iheze, inyuma yaho harafashwe umu ex fab yitwa Bimenya Eugène apfungirwa mu Rumonge. Aho ntituvuze abafashwe imbere yaho bo mur’iyo komine ya Mugamba harimwo abitwa ba Olivier, Sophonie Niyomwungere,…

Umutamakazi arenza imyaka 60 yitwa Caritas Ndayishimiye akaba n’umupfakazi wo kumusozi Kivumu mur’iyo komine amaze umwaka apfungiwe mw’ibohero rikuru rya mpimba aho yapfunganywe n’umwana wiwe n’abakozi bamufasha udukorwa two muhira, mugihe sentare yamwejeje vyaranse ko arekurwa ahubwo umushikirizamanza akaba yaciye yunguruza, urubanza n’ubu rukaba rutaracika, akaba agipfunzwe n’ubwo hejuru y’imyaka afise amagara yiwe atifashe neza.

Uwitwa Innocent Manirakiza wo kumusozi Donge Ruzi  mur’iyo komine ya Mugamba nyene yaranyurujwe n’abantu kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2021 atorwa ikiziga inyuma y’imisi ibiri, abamwishe bakaba batamenyekanye.

Umwana yitwa Bernardino Baserukiye wo kumusozi Kivumu mur’iyo komine ya Mugamba yarishwe inyuma yokuronderwa n’abapolisi bakamubura iwabo, aho nimugihe yari yapfunguwe kukigingwe c’umukuru w’igihugu co mukwa gatatu uyu mwaka. Uwo akaba yari yapfunzwe atarakwiza imyaka yo gupfungwa(mineur).

Umubabaro n’agahinda akaba arivyo birangwa mumiryango no mubabanyi babafatwa

Aho tuvuze uburorero buke, komiseri Arakaza Moise batazira Nyeganyega n’ubu akaba yidegemvya mugihe abanyagihugu benshi bagihagaritswe umutima n’ababo baguma bafatwa, bagasabako umukuru w’igihugu yogira ico akoze bakaronka ubutungane kuko bibazako n’ubwo yavanywe ngaho mu Mugamba akajanwa mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura ashobora kubandanya yica abantu bo mu Mugamba kugira azimanganye ivyemezo.

Ivyo guhagarika abantu mur’iyo komine bikaba vyatanguye cane cane mukwezi kw’umunani 2020 aho havugwa umugwi w’abagwanyi winjiye mu Burundi winjiriye muntara ya Rumonge munyuma bikavugwako reta yawutujije atamuntu numwe yasigaye mubari binjiye guhunganya umutekano w’igihugu, komine Mugamba ikaba irangwamwo amahoro n’umutekano n’ubwo haguma hafatwa abantu.