Burundi Abakozi bo muri #REGIDESO bari bizeye ko ijambo rya Petero #Nkurunziza rigiye mungiro ariko basubije amero mw’isaho.

Inyuma y’amasaha adashika 24 Anatole Nzinahora, umuyobozi ajejwe abakozi mw’ishirahamwe ryo gutanga umuyagankuba #REGIDESO yanditseko abakozi baryo bagiye kuronswa amafaranga y’akarusho gahabwa abakozi bakoze neza uko umwaka utashe, ico bita annal mukinyamazuru, yanditse ikete ribihagarika kuri uno wagatanu igenekerezo rya 18 mukakaro 2019.
Tubamenyesheko ijambo ry’umukuru w’igihugu rifatwa nk’itegeko mugihe mw’ijambo ryiwe ry’igenekerezo rya 1/7/2019 yari yemeyeko ubwo burusho bugiye gutangwa.

#Burundi Abakozi bo muri #REGIDESO bari bizeye ko ijambo rya Petero #Nkurunziza rigiye mungiro ariko basubije amero mw'…

Posted by ItaraBurundi on Thursday, July 18, 2019