Burundi : Abakunzi b’indirimbo « Nkundabantu » baraye babuze umuntu w’intwari.

Umwe mubaririmvyi babiri bari bagize album « Alfred&Bernard » azwi kw’izina rya Bernard Ndoricimpa yaraye yitavye Imana kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18/01/2020.

Uwo muririmvyi apfuye akiri muto bikavugwako yaguye mubitaro inyuma y’imisi itari mike agwaye. Ubutumwa asigiye abarundi n’abandi numva ikirundi akaba ari: « Nkunda bantu bakunda abandi, nkunda abantu bayaga amahoro, nayo ukwankana ntaco bimaze, nkunda abantu »

Abakunzi b’umuziki w’ikirundi bakaba babuze umuntu w’intwari.