Burundi : Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariko aragaba inka n’amafaranga.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 11/01/2020, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagabiye inka abategetsi batari bake bagize reta y’uburundi iyari muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi.

Ku munsi wejo yari yagabiye abategetsi umunani bo munzego zokwivuna abansi n’umutekano. Izo nka zikaba zatanzwe na Serges Ngendakumana, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe gutunganya ibiro vy’amayeri n’iterambere akazitanga kw’izina ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abasitanteri batatu uwa komine Mwumba, Gashikanwa n’uwa Ngozi bakaba bari batunganije aho ejo nyene amahiganwa y’abanyonga amakinga 210 aho harimwo abigeme batatu baciye baronswa amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itatu (30000FBu) umwumwe , igitenge n’indobo mugihe uwabaye uwambere mumahiganwa yaronse agashimwe n’ikinga rifise agaciro k’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana abiri(200000FBu).

Amakuru dukura munzego zijejwe umutekano akavugako abasoda n’abapolisi batobato nabo bagiye kwongerwa umushahara aho bazokwongerwa amafaranga atari munsi y’ibihumbi mirongo itanu(50000FBu)ku kwezi kukwezi guhera kumwisho w’uku kwezi kwa mbere 2020.

Ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’umukuru w’igihugu ngo atubwire imvo y’ivyo bikorwa, ko vyoba biriko bikorwa kuburyo bwa reta nuko Petero Nkurunziza yoba ariko agaba ibivuye mubutunzi bwiwe mugihe ariko akoresha inzego za reta n’uburyo bwa reta.

Tubamenyesheko mur’iyi myaka ibiri iheze (2018-2019) umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagabiwe n’abanyagihugu inka nyinshi cane aho yagiye araca mu Burundi bwose.