Burundi : Abantu barenga 200 bafashwe mu gisagara ca Bujumbura

Kuva mu gitondo co kur’uyu wa kane igenekerezo rya 10 ntwarante 2022, abantu cane cane bagizwe n’imisore barenga 200 bafashwe n’igipolisi kijejwe kugwanya imigumuko mu gisagara ca Bujumbura. Bamwe bikavugwako bakora akazi ko kudandaza amafaranga vya Ecocash na Lumicash n’ama unite, abadandaza bagendagenda abandi bikavugwako bari abambaye amabutura n’amakambambiri.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ibiduga vy’igipolisi gushika ubu biriko biratwara abantu bose biketsweko badandaza batembera harimwo abadandaza Ecokash na Lumicash canke abiketsweko boba ari abasuma canke abambaye amakabutura n’amakambambiri bari mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu barenga amajana abiri bikavugwako bari bamaze gufatwa sayine zo mu gitondo.

Tubamenyesheko abashomeri bagwiriye guhera uno munsi aho abakoresha ama moto, amakinga na tuk tuko boba babenga 30000 baba mugisagara ca Bujumbura ubuzi bwahagaze, abaduze ruguru nabo bakaba batariko baroroherezwa n’abo bakora akazi kamwe bahasanze.