Burundi : Amashirahamwe OLUCOME na PARCEM yankiwe kuremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru

Inyuma y’indwi irenga Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME bivuzweko yahungutse, iryo shirahamwe ryankiwe kugirisha ikiganiro ryari ryateguriye hamwe n’ishirahamwe  PARCEM cari gushikirizwa abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 14 ntwarante 2022.  Ayo mashirahamwe akaba yari yasohoye urwandiko rusaba reta kubangira mw’ishirwa mu ngiro y’ingingo yafashe yo kuvana amamoto, amakinga n’ama tuk tuk mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi.

Ikiganiro cari categuwe n’amashirahamwe OLUCOME rirongowe na Gabriel Rufyiri yaheruka kugirisha ikiganiro nk’ico mumwaka wa 2015 imbere yo guhunga, ubu akaba amaze imisi mike ahungutse  hamwe na PARCEM rirongowe na Faustin Ndikumana uwo nawe akaba atahunze ariko akaba yarapfunzwe munyuma agapfungurwa, bose kubera ivyo bama bashikiriza bitahimbaye abategetsi. Ayo mashirahamwe asaba reta kubangira mw’ishirwa mungiro ry’ingingo yafashe yo kubuza amamoto, amakinga n’ama tuk tuk kwinjira mu gusagara ca Bujumbura. Bakayisabako yobanza gushiraho umugwi w’abahinga bokwiga neza uko ico kibazo cotorerwa umuti kuneza ya bose.

Tubamenyesheko bene amamoto, amakinga n’ama tuktuk bongewe imisi cumi izoshika kw’igenekerezo rya 21 ntwarante 2022 kugira bose bazobe biyandikishije kugira bazokorere ahemerewe n’amategeko, ni kuvuga inyuma y’igisagara ca Bujumbura. Ico bikoze abasoda, abapolisi hamwe n’abagendana ubumuga co kimwe n’amashirahamwe azoronswa uruhusha bakazokwemererwa kubandanya bagendesha ivyo vyuma mu gisagara ca Bujumbura.