Burundi : «Ishinge n’imikaratusi vyoba bizirako ari ibinya Bururi ?»

Twarababwiye amakuru y’ikete buramatari w’intara ya Bururi asohoreye itangazo risaba abanyagihugu kurandura inshinge n’imikaratusi gushika mukwa gatandatu ataruko amatongo agasubizwa muminwe ya reta. Hari umunyagihugu aba mumahanga yagize ico avuga kur’iyo ngingo: Ntiyumva igituma iyo ngingo ihera mu ntara ya Bururi kandi atariho hamera gusumba ahandi, akibazako ivyo biti n’ivyatsi vyoba bihorwa kuba ari ibinya Bururi.

Uwo munyagihugu arasigurako igiti c’umuakaratusi ari ubuzima, ko kivamwo ibintu vya nkenerwa vyinshi kandi ko gitunze imiryango itari mike, ishinge nazo agasigurako ari ivyatsi vyasubiriye ibindi vyitwa umuyange vyari vyahonejwe n’umuriro wa nyakanga.

Mwumvirize kuri site www.itaraburundi.com uruhande rw’ikirundi, ariyo y’iyi

Umunyagihugu w’i Bururi yagize umw’ihwezo kungingo yafashe na Buramatari w’intara ya Bururi

Nubwo buramatari w’intara ya Bururi yahavuye abibenshuza, iyo ngingo biramaze kumenyekanako atariwe yayitumye, ko ari umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yayifashe, akaba yabivuze kuva kera agitwara umugambwe CNDD-FDD akaguma abisubiramwo.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga kumatongo yo muntara ya Bururi, Mugamba

Ibiterwa yavugako vyosubirira imikaratusi bimwe bikaba bitamera mur’iyo ntara kandiko igiti c’umugereveriyo avuga kubakizi bavugako kibungwa cane, amakara, imbaho canke ivyo gikorwako ataho bisa bisana n’igiti c’umukaratusi.

Ivyo iyo ngingo ije yonona bindi

Tubamenyesheko iyo ngingo yafashwe hari ishirahamwe ryaheruka kwemererwa gukora amavuta avuye mumikaratusi kandi rikaba ryari rimaze kwitegura bihagije.

Ibiri vy’imikaratusi vyinshi bikaba bivugwa  mu ntara ya Rumonge muri komine Muhuta, iyo mikaratusi ikaba imaze igihe icibwa muburyo budakurikije amategeko aho bivugwako hari n’abategetsi babifisemwo uruhara.

Tubibutseko umugambi wa reta y’uburundi « Ewe Burundi Urambaye » wo gutera ibiti urongowe n’umukuru w’ibiro vya gisirikare, Général Prime Niyongabo umaze gutera ibiti vy’imikaratusi kandi ukiriko.

Iyo ngingo mwayakiriye gute ?