Burundi : Uruja n’uruza hagati ya Bujumbura-Rumonge rwahagaze

Burundi

Ikiraro kiri kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge kiri mu Gitaza, intara ya Bujumbura cabomotse kur’uyu wa kane igenekerezo rya 06 Rusama 2021, uruja n’uruza rukaba rwahagaze

Ibarabara rya Bujumbura-Rumonge rikaba ryacamwo imodoka nyinshi zaba izija mu ntara ya Rumonge, igice ca Bururi na Makamba. Ubu bikaba bitagiye kworohera abandandaza n’abakozi ba reta n’abikorera utwabo bahora bakoresha iryo barabara.

Ikiraro co mu Gitaza, ibarabara rya Bujumbura-Rumonge cabomotse kur’uyu wa 06 rusama 2021 Crédit Vidéo:Privé

Twobamenyeshako mur’ino misi ibiraro bimaze imisi bisiduka hirya no hino mu gihugu aho hari abiyumvirako bitumwa n’ubusaza kwavyo biterana n’ihindagurika ry’ibirere.

Ivyo vyose biriko bishika mugihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka guhindura abakozi bakuru bo mubushikiranganji bujejwe inyubako rusangi kandi n’ikigo ca reta OBUHA kijejwe kwubaka ibiraro n’uburaro kitaratangura gukora neza kuva gishizwe mu kwezi kwa gatanu 2019. Urutonde rw’abakoze ikibazo bashasha ngaho muri OBUHA rukaba rwaragoranye gusohoka bakozi bahora bakorayo bahoze mumashirahamwe ashika atandatu yateranijwe bikavugwako hazosubiramwo bake ndetse abarenza imyaka 46 bakaba batemerewe gukora ico kibazo.