Atagikozwe ibara riragwa i Bujumbura mu Burundi

Kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2024, uruzi Kanyosha rwo muri komine Muha i Bujumbura, rwarataye inzira ruja mumazu muri Q. Kibenga Lac. Umwana w’umwaka n’inusu yaratwawe uwundi muntu arakomereka, amazu arenga ijana arabomoka.
Abanyagihugu basaba ikigo kijejwe kugenzura ibihe gutanga inkuru y’imburi  kare hanyuma abashobora kwimuka bakahava ibara ritaragwa.

Mu gisagara ca Bujumbura bari mu vyago ndetse abamaze kwimuka bakaba ari benshi, aho twovuga nko mu Kabondo, Kibenga, Buterere, Carama,  ndetse na Gatumba aho amazu atari make amaze gutwarwa n’amazi.

Muri iyo Quartier ya Kibenga Lac isanzwe irimwo ingo zishika 3700, ingo zigera kuri 80 zaramaze kwimurwa n’amazi ya Tanganyika

Laisser un commentaire