Burundi : Abanyeshure bababa 1000 babuze imbwa n’imbwebwe

Burundi, amakuru

Hari abanyeshure bababa igihumbi bize ivyo kuvura kuri kaminuza yitiriwe amahoro no gusubizahamwe iri mu Bwiza no mu Buyenzi mugisagara ca Bujumbura barabuze impapuro z’umutsindo kuva mumwaka wa 2017 gushika ubu. Abo banyeshure bavugako ishure ribabwirako zikiri mu mubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi zitarasohoka.

Abo banyeshure bababa igihumbi bize kuri Université Paix et Reconciliation, UPR izwi nko kwa Rukara, harimwo abamaze imyaka ine bataronswa impapuro z’umutsindo uko bari muma promotions atandatu. Barandikiye umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi kabiri barabura inyishu yobahumuriza canke ikabakura kunzira bakavugako bibatera umubabaro kubona abo biganye bize ahandi bamaze gutera intambwe mu buzima bakoresheje impapuro z’umutsindo.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, UPR yari mumakaminuza icenda yasabwe kudasubira kwakira abanyeshure bashasha kuva mukw’icumi 2018 gushika atunganije ibisabwa mugihe ayandi abiri yari yahagaritswe ivy’imfatakibanza n’ubushikiranganji bw’indero. Ivyo ariko abanyeshure bakavugako bitategerezwa gufata abariko bariga ico gihe mugihe vyavugwa nezako iyo kaminuza yategerezwa gufasha abanyeshure yarifise gushika bahejeje kaminuza bakaronswa impapuro z’umutsindo.

Twobamenyeshako iyo kaminuza yigishije ivy’ubuvuzi ibiherewe uburenganzira n’inzego z’ibijejwe arico gituma abanyeshure batumva igituma bicirwa ubuzima mukwimwa impapuro z’umutsindo bakoreye, birabonekera munyandiko zitandukanye ikinyamakuri Itara Burundi cashoboye kuronka amakopi.

Twagerageje kurondera uwurongoyeiyo kaminuza yitiriwe amahoro no gusubizahamwe, UPR ariko ntitwashoboye kumuronka , twitezeko kuwambere azoba yatwishuye ibibazo twamurungikiye tukazoheza tukababwira ico azobivugako mugihe yotwishura.