#Burundi: Abarimyi basabwa kuriha amafaranga yo kugura ifumbire bazokoresha muri 2020

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kw’igenekerezo rya 21/11/2019, rimenyesha abakeneye kuzokoresha umwavu w’ikizugu kuriha amafaranga ya avance kuva kw’igenekerezo rya 9 kigarama 2019 kugeza igenekerezo rya 07 nzero 2019

Mugihe gushika ubu hari imyidogo myinshi mubari barishe amafaranga yabo kuva mukwa gatanu 2019 bataronkejwe umwavu ukwiye inyuma yo kwongereza mukwicumi hamwe n’abakoresheje umwavu wa FOMI, ubwo bushikiranganji bwasavye ko abakeneye uwo mwavu boriha avance kumifuko bakeneye bacishije kuri posita, Lumicash na kopeke.

Ntitwaronze abarongoye ubwo bushikiranganji ngo tubabaze igituma basaba avance abakeneye uwo mwavu kandi ihinguriro FOMI riwukora atanyungu riheza ngo ribaheko mugihe imitahe ariyabo.