Burundi: Udukoko tuvura indwara z’imyubati: Epidynocalozis Lopezi

Hamaze imisi hakwiragizwa ibihuha ko hari udukoko twateye imyumbati muntara za Makamba na Rumonge ariko abahinga muvy’uburimyi barahumuriza abanyagihugu bavugako arutwo bakuye mugihugu ca Brésil ngo badukoreshe mukuvura indwara y’imyumbati yitwa Cochenille farineuse du manioc.

Ndayikengurutse Juvénal, umugenduzi w’amagara y’ibiterwa akora mubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyeshako ako gakoko kitwa Epidynocalozis Lopezi kandi atangorane gatera mu magara y’abantu. Abavyumvise muntara ya Makamba n’ahandi mu biyaya batari baziko utwo dukoko ari utwazanywe n’abahinga bararandutse imitima kubera ibihuha vyavugako n’abariye isombe y’imyumbati buriko baca apfa ariko sivyo. Juvénal Ndayikengurutse asaba abokwumva amajwi yiwe kuyakwiragiza kugira ntihagire abazopompa utwo dukoko ngo turazimvye reta yoheva ihomba.