Burundi : FOMI ikwiye gushumbusha abo yarenganije

Burundi

Mu kiganiro abavugizi b’inzengo zitandukanye cabereye i Ngozi kur’uyu wa 15 Mukakaro 2022, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede Nzeyimana yavuzeko ababuze ifumbire kandi baratanze amafaranga bakwiye gushumbushwa.

Ishirahamwe FOMI rikora ifumbire ya kijambere ritoza amafaranga imbere, rigakoresha ayo ryegeranije mu banyagihugu rifashijwe n’inzego za reta ariko uwu mwaka w’uburimyi B rikaba ritashoboye gukwiza ifumbire abatanze amafaranga yose.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akaba yavuzeko ifumbire yakeshe kubera abanyagihugu bumviye akamo k’umukuru w’igihugu bakarima ari benshi, yavuzeko isi ndimwa yiyongereye incuro zitatu kuyari ihasanzwe. Yavuzeko ishirahamwe FOMI rikwiye gushumbusha abo ryahemukiye.

Iryo shirahamwe rikaba ryaruguruye ishami muri Tanzaniya mugihe abanyagihugu babandanya bidogako ryabahemukiye.

Mwebwe aho muherereye abarimyi bararonse ifumbire bakeneye ?