Burundi : Amabohero: « N’imyeyerekano irashobora kujamwo »

Burundi

Haraheze imisi turababwiye inzara izura inzara ivugwa mumabohero yo mu Burundi, abanyororo babandanya kwiyumvira ko kubima indya ari umugambi wo kubicisha inzara none boba bariko bategura kugira imyiyerekano kugira bagaragaze akababaro kabo mu minsi ya vuba atagikozwe.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura mubegereye abanyororo abivuga,  haraheze amazi ane imfungurwa zitangwa nabi nabi mumabohero yose mu Burundi kuburyo hari abatakiroswa ifu icibagiweco ni amavuta. Bavugako basigaye bagaburirwa iminsi ine mundwi. Ayo makuru akabandanya avugako mumisi mikeya bashobora kugira imyiyerekano kugira basabe « kugaburirwa nk’abantu ».

Abanyororo bakaba boba bashavuye cane kuburyo uwuvuze ngo « Reta mvyeyi » bamwumva boshobora kumugirira nabi aho bobo basigaye bavugako iryo zina itari iribereye baravye ukuntu umuvyeyi yategerezwa gufata abana biwe.

Twobamenyeshako mu mabohero nka yose abanyororo batari bake bamaze guta ubuntu, bamwe bagiye mubusuma bwo kuma terefone, abandi baja muvyo kunywa ibiyayuramutwe, abandi ivy’ubusambanyi kubasangiye ibitsina, n’ayandi mabi. Abashi bavugako umunyororo mu Burundi ari ugupfira hajuru.