Burundi: Abanyororo bagire bicwe n’inzara

Prison de Mbimba

Nk’uko amakuru ava mumabohero atandukanye yo mu Burundi abivuga, abanyororo bagira bicwe n’inzara atagikozwe vuba.

Abanyororo bagasaba reta kubafata nk’abantu bongera biyamiriza ishirahamwe Ntabariza ngo rivuga ko ribavugira ariko ntirigire ico ribafasha mugihe bishwe n’inzara.

Amakuru ikinyamakuru Itara Burundi dukura mumabohero atandukanye amenyeshako haheze indwi hafi zitatu atafu ababanyororo bahabwa kiretse nka rimwe cane abiri abatwara amabohero bicurako Président yohava yumva ivyaho.

Bagasabako ubutunganeko bwokwubahiriza ingingo za Président Evariste Ndayishimiye zo kurekura banyororo  kugira boye kubandanya bagwirirana kandi benshi bariko bapfungwa umunyororo w’inyongera ataho wanditswe mubitabo, reta ikabandanya ihahombere kuko abosohoka batobura ibikorwa vy’iterambere bakora.